Ubushikiranganji bw’ubudandaji, gutwara abantu n’ibintu,amahinguriro n’ingenzi bubicishije mu buyobozi bukuru bujejwe igisata c’imyuga bwarakoze rusansuma rw’abanyamyuga bukoresheje ubuhinga bugezweho mu ntara9. Urwo rusansuma rwakozwe mu ntumbero yo kumenyekanisha no guteza imbere igisata c’imyuga. Ico gikorwa cabaye kandi kugira gishobore gutsimbataza ishirwa mu ngiro ry’umugambi w’igihugu w’iterambere wo kuva mu mwaka w’ 2018 gushika mu w’2027 PND. Ibiharuro vyavuye muri urwo rusansuma vyerekanye ko mu ntara 9, hari abanyamyuga 13 153 harimwo abakenyezi 4 227 n’abagabo 8 926. Vyashikirijwe na Barutwanayo Pascal, Umuyobozi mukuru ajejwe igisata c’imyuga mu bushikiranganji bw’udandaji, gutwara abantu n’ibintu, amahinguriro n’ingenzi.
Gutsimbataza igisata co kumenyesha amakuru mu bijanye no kugwiza umwimbu ni inzira ishikana kw’iterambere rirama no ku mbono y’uko Uburundi bwabo ari igihugu cifashe mu mwaka w’2040 giteye imbere mu mwaka w’2060. Nico gituma guteza imbere igisata c’imyuga ari nkenerwa. Igisata c’imyuga gushika ubu ntikiratezwa imbere n’aho gikwiragiye mu benegihugu bose. Ivyo vyabonekeye mu nyishu zatanzwe n’abanyamyuga bo mu ntara za Bururi, Cibitoke ,Gitega, Karusi,Kayanza, Kirundo, Mwaro, Muyinga na Ngozi. Barutwanayo Pascal yamenyesheje ko ari akaryo keza ku bipfuza gufasha muri ico gisata, kumenya ibiharuro bokorerako. Ico gisata cotuma amahinguriro atera imbere harimwo ubudandaji, imico kama n’igisata c’ingenzi. Ivyo biri mu ntumbero yo gushira mu ngiro poritike y’igihugu yerekeye igisata c’imyuga n’abanyamyuga yo kuva mu mwaka w’2022 gushika mu w’2032. Uwo mugambi ufise inkingi 4 zijejwe gushira ahabona inkuru zerekeye ico gisata n’izo kudandaza ibivuye mu myuga no kubiha agaciro.
Ibisata 3 ni ivyo vyashizwe ahabona
Pascal Barutwanayo yamenyesheje ko bifashishije umwidondoro w’abanyamyuga n’umwuga wabo, basanze ico gisata kigabuye mu migwi 3. Uwa mbere ugizwe n’imyuga yo guhingura urimwo ibisata vyinshi mur’ivyo harimwo igisata gikoresha ibiti, ivyatsi, ivyuma, inyuzi, ivu, inshato z’ibitungwa, amahembe n’amagufa. Umwuga wa kabiri n’uwo kurangurira abandi ibikorwa nko gukora ibikoresho vyapfuye, gusokoza imishatsi, ukwubaka n’ibindi. Uwa gatatu ni uwo guhinyanyura ukaba ugizwe n’ibikorwa vyo guhingura ibikoresho vyo gushariza, ugushushanya mu biti, gushariza hakoreshejwe amarangi, kujisha, kudesa n’ibindi.
Muri urwo rusansuma barerekanye ibitigiri vy’urwaruka rw’abanyamyuga bari munsi y’imyaka 35 bo mu ntara 9 rugera ku 7 426 bagizwe n’ abahungu 4.589 n’abigeme 2.857. Muri abo, hari abahungu 72 n’abakobwa 45 bari mu makoperative, abari mu mashirahamwe nabo ni abakobwa 67 n’abahungu 171. Urwaruka rw’abanyamyuga rukora ku giti cabo ni abakobwa 2 725 n’abahungu 4 346. Abanyamyuga barenza imyaka 35 bagera ku 5 727 harimwo abagabo, 4 337 n’abakenyezi 1 390, muri abo hari abari mu makoperative, abari mu mashirahamwe n’abahisemwo gukora ku giti cabo. Abagabo bari mu makoperative ni 65 abakenyezi 24. Abari mu mashirahamwe ni abakenyezi 55 n’abagabo 145 nayo abasanzwe bakora ku giti cabo ni abakenyezi 1 311 n’abagabo 4 127.
Abanyamyuga barinjiza amafaranga y’amarundi agera ku 1 108 296,485 ku mwaka
Ibiharuro vyavuye muri rusansuma vyerekana ko mu ntara imwe, abanyamyuga binjiza amafaranga ari munsi canke hejuru y’1 108 296,485 ku mwaka. Intara iza imbere ni Kayanza aho abanyamyuga binjiza amafaranga angana 1 448 472,546, intara iza ubugira kabiri ni Cibitoke aho binjiza amafaranga 1 385 492,8, intara ya Ngozi nayo iza ubugira gatatu, binjiza amafaranga 1 269 519.
Ku bijanye n’amakoperative, abakenyezi binjiza amafaranga
3 340 144 ku mwaka, abagabo nabo bakinjiza amafaranga
3 168 438. Abakenyezi bakora ku giti cabo binjiza amafaranga
597 592, abagabo bakora ku giti cabo binjiza amafaranga 1 121 923 ku mwaka. Mu banyamyuga bakozweko rusansuma, hari abasanzwe babeshejweho n’imyuga gusa n’abandi bayifatanya n’ubundi buzi n’abayikora rimwe rimwe bivanye n’igihe nk’abafyatura amatafari mu gihe c’ici gusa. Abanyamyuga babeshejweho n’umwuga gusa ni abakenyezi 3 448 n’abagabo 7 599. Abakenyezi 619 n’abagabo 866 nibo bakora umwuga bafadikanije n’ubundi buzi. Abakenyezi 160 n’abagabo 461 bakora uwo mwuga rimwe na rimwe .
Pascal Barutwanayo yavuze ko abanyamyuga bamaze kwitaba ihayanishwa−gurisha ni abagabo 37 n’abakenyezi 14. Intara ya Kayanza iza ubwa mbere ifise abanyamyuga bamaze kwitaba ihanishwa−gurisha 14, Muyinga ni 12, Gitega ni 8. Abanyamyuga bo mu ntara za Karusi na Kirundo ntibaritaba ihayanishwa−gurisha na rimwe. Yahamagariye abanyamyuga bose kwitegurira kwitaba ihayanishwa−gurisha ry’akarere kagize umuryango w’ibihugu vya Afirika y’Ubuseruko ryimirije kubera i Bujumbura kuva kw’igenekerezo rya 7 gushika ku rya 17 Kigarama 2023.
Intambamyi zibonekeza mu gisata c’imyuga
Pascal Barutwanayo avuga ko igisata c’imyuga gifise intambamyi nyishi nko kubura inkuru zerekeye ico gisata mbere n’abagishiramwo imitahe ni bake. Uburyo abanyamyuga binjiza mu gihugu “PIB” ntibuzwi. Ubushikiranganji bw’ubundanji, gutwara abantu n’ibintu amahinguriro n’ingenzi bwatunganije rusansuma mu gisata c’imyuga kugira gishobore gutezwa imbere. Ubwo bushikiranganji burahimiriza kandi abanyamyuga gukorera hamwe kugira bagwize umwimbu. Bafise ihangiro ry’uko gushika mu mwaka w’ 2032, ata munyamwuga yoba acikorana, bose bazoba bakorera mu makoperative.